Uko wahagera

Abarwanyi 85 ba Reta ya Kiyisilamu Bishwe muri Siriya


Syria
Syria

Urunani rw’ibihugu vyagiye hamwe mu kurwanya umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu rurongowe na Reta zunze ubumwe z’Amerika, rumanyesha ko rwishe abarwanyi b’uwo muhari 85 hafi y’urubibe rwa Iraki.

Umuvugizi warwo, umunyamerika, koloneli Ryan Dillon, yatangaje kur’uyu wa kane ko abo barwanyi bashika 300 bari mu miduga 18 bariko bagerageza guhunga mu mirwi mito mito n’imiryango yabo inyuma y’aho birukaniwe k’urubibe Libani gihana na Siriya.

Uwo mutegetsi avuga ko iyo miduga yabuze aho ica inyuma y’aho urunani rw’abasirikare mpuzamakungu rusamburiye ibarabara n’ikiraro bari gucamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG