Uko wahagera

Abategetsi 3 ba Sudani y'Epfo Bafatiwe Ibihano


Perezida wa Sudani y'Epfo Salva Kiir, i buryo n'umukuru w'ibiro vya gisirikare Paul Malong i buryo, k'umusi bibuka ukwikukira.
Perezida wa Sudani y'Epfo Salva Kiir, i buryo n'umukuru w'ibiro vya gisirikare Paul Malong i buryo, k'umusi bibuka ukwikukira.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yarafatiye ibihano abategetsi babiri bakomeye bo muri reta ya Sudani y’Ubumanuko hamwe n’uwahoze ar’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare w’ico gihugu.

Ivyo bihano vyafatiwe Michael Makuei Leuth, umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, Malek Reuben icegera c’umukuru wa gisirikare hamwe na Paul Malong yahoze atwara ibiro bikuru vya gisirikare.

Ivyo bihano bibabuza kwongera kwinjira muri Amerika ndetse n’ubutunzi bahafitiye bwafashwe.

Amashirahamwe atatu yegukira uwo mushikiranganji wo kumenyesha amakuru Reuben nayo nyene yakozweko n’ivyo bihano. Abo bagirizwa n’Amerika kubangamira amahoro n’umutekano wa Sudani y’ubumanuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG