Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora muri Kenya watangaje ko ayandi matora y’umukuru w’igihugu azoba kw’itariki ya 17 z’ukwezi kw’icumi uyu mwaka w’2017.
Uwo murwi washinze ico kirangamisi mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyasabwe na sentare ntahinyuzwa y’ico gihugu inyuma yo gufuta ivyavuye mu matora yo mu kwezi guheze yavuze ko yabayemwo amahinyu niko guca isaba ko ayandi matora atunganwa mu kiringo c’imisi 60.
Iryo tangazo rivuga kandi ko perezida Uhuru Kenyatta, na Raila Odinga arongoye urunani rw'abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abo bitoreza hamwe aribo gusa bemerewe kuzokwitoza.
Uwo murwi usaba sentare ntahinyuzwa kuwuha ivyo yabonye bitagenze neza mu vyatumye ihanagura ivyayavuyemwo kugira bazobikorereko.
Mwibuke ko Kenyatta yari yatangajwe ko yatsinze amatora mu gice ca mbere. Umurwi w’amatora wavuze ko yarushije Odinga amajwi umuriyoni n’ibice bine.
Odinga n’urunani NASA ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi baranse ivyayavuyemwo baca bitura iyo sentare bayisaba gutunganya ayandi matora.
Kenya: Ikirangamisi Gishasha c'Amatora Catangajwe

Facebook Forum