Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yagerageje Ikirwanisho Ruhonyanganda


Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Nikki Haley yatangaje k’igihe kigeze ko bakoresha uburyo bwose bushoboka bwerekeye ibiganiro imbere yuko igihe kirengana
Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Nikki Haley yatangaje k’igihe kigeze ko bakoresha uburyo bwose bushoboka bwerekeye ibiganiro imbere yuko igihe kirengana

Urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rujejwe kubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi ruriko ruragirisha ibiganiro vyihutirwa, inyuma yukw’igihugu ca Koreya ya ruguru kigerageje ikirwanisho ruhonyanganda gikomeye cane mu bitari bwabe gushika ubu.

Ivyo kandi ni mu gihe abategetsi ba Koreya ya ruguru bariko bitegurira kugerageza iyindi misile balistike.

Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Nikki Haley yatangaje k’igihe kigeze ko bakoresha uburyo bwose bushoboka bwerekeye ibiganiro imbere yuko igihe kirengana. Nikki Haley yavuze ko bategerezwa gufata ingingo zizkomeye cane zishoboka.

Yamenyesheje kw’umutegetsi wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un ariko arondera ingwano bivuye ku ngingo ariko arafata.

Atangaza ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zidashaka ingwano, ko yamara ukwihangana bifise aho bigarukira.

Koreya ya ruguru yagerageje ikigwanisho ruyonyanganda mu bugira incuro ya gatandatu ku munsi w’Imana urangiye. Abategetsi ba Koreya ya ruguru batangaza kw’ico kirwanisho kirusha inguvu incuro cumi ikigwanisho Koreya ya ruguru yagerageje incuro igira gatanu haheze umwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG