Abanyororo 96 baratorotse muri Kote d’Ivuware mw'ibohero ryo mu gisagara ca Katiola, kiri hagati mu gihugu, ku birometero 45 m’uburaruko bwa Bouaké, nkuko bishikirizwa n’abajejwe umutekano.
Abo banyororo batorotse hagati y’amasaha ya sa kumi n’imwe na sa kumi na zibiri z’agatondo mu masaha y’aho.
Umukuru ajejwe ivy’amabohero mur’ico gihugu, yatangaje ko ibikorwa vyo kubarondera vyatanguye kandi ko bamwe bamaze gufatwa n’igiporisi.
Abo baje bakurikira abandi batanu batorotse kw’itariki ya 6 z’ukwezi kwa munani mw’ibohero ryo mu gisagara ca Gagnoa, hagati mur’ico gihugu.
Kw’itariki ya 8 z’ukwezi kwa munani nyene kandi abantu 20 baratorotse muri sentare ya Abidjan mu gisagara hagati inyuma y’aho bakubitiye abaporisi bari babacunze.
Ikibazo c’umutekano muke muri Kote d’Ivuware carushirije kwigaragaza kuva mu ntango z’uyu mwaka, inyuma y’aho abasirikare bagumukiye akatari gake hamwe n’ibitero vyagiye bikorwa ku baporisi.
Facebook Forum