Uko wahagera

Amerika Iriteguye Gukoresha Ubumara bwa Nikleyeri kuri Koreya ya Ruguru


Sekreteri wo kwivuna abansi w'Amerika, Jim Mattis, ibibamfu, mu kiganiro ku bamenyeshamakuru.

Reta zunze ubumwe z’Amerika imenyesha ko yiteguye gukoresha ubushobozi ifise bw’ibirwanisho vy’ubumara vya Nikleyeri mugihe Koreya ya ruguru yobandanya kugisotora canke gutera ubwoba ibihugu bicuditse

Ivyo vyatangajwe kur’uyu w’Imana n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, Maison Blanche.

Inyuma y’irindi gerageza ry’ibirwanisho vya Nikleyeri rya Koreya ya ruguru, perezida Donald Trump yavuganye kuri terefone n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Shinzo Abe, amubwira ko ibihugu vyabo bizobandanya gukorera hamwe muvya gisirikare, nkuko iryo tangazo ribandanya rivuga.

Trump yashemangiye avuga ko Amerika izokwikingira, iteko ikingire n’ibihugu bacuditse mu gukoresha ububasha bwose ifise, burimwo ubw’ibiganiro, ubwemewe n’amakungu hatibagiwe n'uburyo bwa Nikleyeri.

Perezida Trump na Shinzo Abe Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani
Perezida Trump na Shinzo Abe Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani

Umushikiranganji wo kwivuna abansi w'Amerika, James Mattis, yavuze ko Koreya ya ruguru ishobora kugirwako igitero ca gisirikare gikomeye mu gihe ico gihugu cohirahira kigatera izinga rya Guam ryegukira Amerika canke igihugu ic’arico cose bicuditse.

Mattis, Trump hamwe n’abahanuzi biwe barakoranye kur’uyu w’Imana kur’ico kibazo ca bombe ruhonyanganda yageragejwe na Koreya ya ruguru kur’uyu w’Imana.

Mattis yabwiye abamenyeshamakuru ko Amerika itagiye gusambura Koreya ya ruguru, ariko yongerako ko hari imikenyuro myinshi ishobora gukorwa.

Trump yatangaje ko ashobora gufatira ibihano ibihugu vyose bifitaniye imigenderanire y’ubutunzi na Koreya ya ruguru. Igihugu kiza ubwa mbere ni Ubushinwa, ariko abakurikiranira ibintu hafi bakibaza ico vyovyara mugihe Ubushinwa na Amerika bishoreranira buri mwaka ibidandazwa biharurwa mu ma miriyaridi 650 z’amadolari.

Inama ya ONU ijejwe umutekano kw’isi yaciye itumako inama yihuta kur’uyu wa mbere kur’ico kibazo.

Nayo umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres yiyamirije iyo nyifato ya Koreya ya ruguru yise ko ihungabanya umutekano w’ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG