Uko wahagera

USA: Igihuhusi Harvey Catandukiriye Louisiana


Imodoka ica mu bidengeri vy'amazi mu gisagara ca Iowa, muri Louisiana
Imodoka ica mu bidengeri vy'amazi mu gisagara ca Iowa, muri Louisiana

Ibisigarira vy’umuyaga n’imvura vy’igihuhusi simusiga kivanze n’imvura nyinshi citiriwe Harvey muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, vyatumye haba imvura y’agakura mu ntara ya Louisiana uyu musi ku wa kane, mur’iki gihe intara ya Texas yoyo yariko iratangura kugabanukamwo umudengeri w’amazi.

Abahinga mu vyerekeye ihinduka ry’ibihe bavuga kw’ibice bimwe bimwe vyo mu ntara ya Louisiana bihava bigwamwo imvura ishika ku masantimetero ari hagati ya 10 na 20 kur’uyu musi ku wa kane, mur’iki gihe igihuhusi kirimwo imvura y’iseganya Harvey citezwe gutandukira no ku babandanya mu ntara zitari nke zirimwo Arkansas, Mississipi, Tennessee na Kentucky.

Ibiro vy’igihugu bikwirikirana ibihuhusi simusiga, vyatangaje ko naho ata mvura y’isegenya yitezwe mur’iki gihe mu gisagara ca Houston, Umurengera w’amazi ubandanya kugeramira abanyagihugu mur’ico gisagara hamwe no mu gisagara ca Beaumont, mu ntara ya Texas hamwe no mu bumanuko bushira uburengero bw’intara ya Louisiana mur’iyi ndwi yose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG