Uko wahagera

Christopher Allen Yiciwe muri Sudani y'Epfo


Umumenyeshamakuru w'Umunyamerika, Christopher Allen yiciwe muri Sudani y'Epfo.

Umuhari ukomeye muyirwanya reta muri Sudani y’ubumanuko uvuga ko umumenyeshamakuru w’Umunyamerika aheruka kwicwa mur’ico gihugu yishwe arashwe atari kumwe nabo mu rugamba barimwo bwo kurwanya ingabo za reta.

Christopher Allen yarashwe mu mutwe k’umusi wa gatandatu n’abasirikare ba reta mu karere ka Kaya hafi y’urubibe n’Ubuganda mugihe yari kumwe nabo ariko afata amasanamu y’iyo ntambara, nkuko abarwanya reta bavuga.

Ku ruhande rwa reta, Michael Makuei ayivugira siko abibona, amenyesha ko uwo muzungu yarikumwe n’abariko batera ikirindiro ca reta.

Reta zunze ubumwe z’Amerika iremeza urupfu rw’umunyagihugu wayo. Allen yar’umumenyeshamakuru yigenga yamuka mu gisagara ca Philadelphia, muri reta ya Pennsylvania akaba yariko akurikirana intambara hagati y’abenegihugu mur’ico gihugu ca Sudani y’Ubumanuko.

Allen ashikanye igitigiri c’icumi c’abamenyeshamakuru bamaze kwicwa mur’ico gihugu kuva mu mwaka w’2012 hatanguye intambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG