Abakuru b’ibihugu n’amareta indwi ba Afrika n’Uburayi kur’uyu wa mbere barahurira I Paris k’umurwa mukuru w’Ubufaransa mu nama yo kurabira hamwe ico bapfundika ku kibazo c’abimukira cama cateye amahani.
Iyo nama yatumweko na perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa yitabwa n’abakuru b’ibihugu vya Tchad, Idriss Deby Itno n’uwa Nijeri Mahamadou Issoufou.
Yitabwa kandi n’umukuru wa reta y’ubumwe muri Libiya, Fayez al-Sarraj, ibihugu uko ari bitatu bivugwa ko arivyo nyamukuru abo bimukira bacamwo bagana ku nkengera z’Uburayi.
K’Uruhande rw’Uburayi, abayitaba ni Angela Merkel shanseliye w’Ubudagi, abakuru b’ama reta y’Ubutaliyano na Espanye, aribo Paolo Gentiloni na Mariano Rajoy, hamwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburayi, Federica Mogherini.
Ni inama Uburayi butumbereye kwongera kwiyemeza gushigikira Tchad, Nijeri na Libiya kugenzura no guhagarika abimukira bagana k’umugabane wa Burayi, nkuko ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa bivuga.
Facebook Forum