Uko wahagera

Tombola Ku Gikombe c'Imirwi Yabaye Iya Mbere i Bulaya Yabaye


Ikimenyetso c'igikombe c'imirwi y'umupira w'amaguru yabaye iya mbere mu karere k'i Bulaya

Tombola ku nkino zo mu ntango z’igikombe c’imirwi y’umupira w’amaguru yo ku rwego rwa diviziyo ya mbere zabaye iza mbere mu karere k’i Bulaya yarabaye, ejo ku musi wa kane, mu gihsagara ca Monaco mu gihugu c’Ubufransa.

Mu murwi A harimwo Benfica, Manchester United, Basel na CSKA Moscow

Umurwi ugizwe na Bayern Munich, Paris St-Germain, Anderlect, na Celtic.

Mu murwi C, harimwo Chelsea, Atletico Madrid, AS Roma na Qarabag.

Umurwi D ugizwe na Juventus, Barcelona, Olympiakos, na Sporting.

Mu murwi E harimwo Spartak Moscow, Sevilla, Liverpool, na Maribor.

Umurwi F ugizwe na Shakhtar Donetsk, Manchester City, Napoli, na Feyenoord

Umurwi G ugizwe na Monaco, Porto, Besiktas na RB Leipzig

Mu murwi H harimwo Real Madrid, Borussia Dortmund, Tottenham na Apoel.

Inkmino za mbere z'umusi wa mbere zizoba hagati y'italiki 12 n'italiki 13 z'ukwezi kw'icenda.

Inkino za mbere z'umusi ugira kabiri zizoba hagati y'italiki 26 n'italiki 27 z'ukwezi kw'icenda, mu gihe inkino za mbere z'umusi ugira gatatu zizoba hagati y'italaiki 17 n'italiki 18 z'ukwezi kw'icumi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG