Uko wahagera

MSF Yasahuwe Muri Sudani y'Epfo


Umukozi wa MSF avura avura muri Sudani y'Ubumanuko
Umukozi wa MSF avura avura muri Sudani y'Ubumanuko

Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe, “Medecins Sans Frontieres”, ryatangaje kw’imirwi yitwaje ibirwanisho yasahuye muri bimwe mu bibanza bitari bike birimwo imiti yaryo mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko mu kiringo c’amezi cumi n’umunani arangiye. Iryo shirahamwe risaba Reta gukingira ibibanza vyaryo kurushiriza.

Joanne Liu akorera MSF avuga ko yagendeye ibibanza vy’iryo shirahamwe mu rugendo yagize muri Sudansi yo mu bumanuko. Amenyesha kandi ko yabonanye na Perezida Salva Kiir.

Liu avuga kw’aho gukingira ibibanza birimwo imiti vy’ishirahamwe, “Medecins Sans Frontieres”, impande zitana mu mitwe muri ico gihugu zateye ivyo bibanza.

Amenyesha ko yabwiye Perezida Kiir n’abandi bategetsi bakomeye ba Sudani yo mu bumanuko ko gusahura n’ugusambura ibibanza birimwo imiti yya MSF mu gihugu bigeramira ubuzima bw’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG