Uko wahagera

Umugambwe MPLA Watsinze Amatora muri Angola


Joao Lourenco, yaserukiye umugambwe MPLA mu matora muri Angola
Joao Lourenco, yaserukiye umugambwe MPLA mu matora muri Angola

Umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Angola, MPLA watsinze amatora yabaye ku musi wa gatatu n’ibice 64 kw’ijana vy’amajwi. Ivyo vyatangajwe kur’uyu musi ku wa kane n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora.

Umukandida w’umugambwe MPLA, Joao Lourenco, azosubirira Jose Eduardo dos Santos mu mabanga y’umukuru w’igihugu.

Dos Santos yafashe ingingo y’ukuva ku butegetsi inyuma yuko ayoboye Angola mu kiringo c’imyaka mirongo itatu n’umunani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG