Uko wahagera

Reta ya Tanzaniya Iregwa Gutoteza Abatavugarumwe Nayo


Perezida wa Tanzaniya John Magufuli.
Perezida wa Tanzaniya John Magufuli.

Ishirahamwe rikomeye riharanira agateka ka muntu mu gihugu ca Tanzaniya ryanebaguye Reta, uno musi ku wa kane, kubera iriko itoteza abashingamateka batavuga rumwe na Reta. Batatu muribo barahagaritswe mu ndwi irangiye.

Mw’itangazo, iryo shirahamwe ryatangaje kw’ihagarikwa ry’abashingamateka batavuga rumwe na Reta bityoza uburenganzira bwa politike n’agateka ka muntu mu gihugu aho politike ifatiye ku migambwe myinshi vyubahirizwa n’ibwirizwa shingiro.

Ku musi wa kabiri, Tundu Lissu, umushingamateka atavuga rumwe na Reta yarahagaritswe yagirizwa ko yatutse perezida w’igihugu ca Tanzaniya, John Magufuli.

Bubaye ubugira gatandatu Lissu ahagarikwa mur’uyu mwaka.

Tindu Lissu n’umushingamateka, akongera akaba ar’icegera c’umuyobozi w’umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta, Chadema.

Ishirahamwe rikomeye riharanira agateka ka muntu muri Tanzaniya, ryasavye Reta kwubahiriza uburenganzira bw’imigambwe yose bw’ukurangura imirimwo yayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG