Uko wahagera

Venezuela: Umushingwamanza Mukuru Yakombowe mu Mabanga Yiwe


Luisa Ortega Diaz, Umushingwamanza mukuru muri Venezuela.
Luisa Ortega Diaz, Umushingwamanza mukuru muri Venezuela.

Mu gihugu ca Venezuela, Umushingwamanza mukuru, Luisa Ortega yatangaje kur’uyu wa gatatu ko yakombowe mu mabanga yiwe, bidaciye mu mategeko, mu ntumbero yo kumubuza gukora amatohoza kubagirizwa icaha co kurya ibiturire.

Ortega yatangaje kandi ko abategetsi bakuru muri Venezuela biteze kudashirwa ahabona ku bijanye n’ivyaha vyo kurya ibiturire bibariko, bimwe mur’ivyo birimwo n’urudandaza rw’ibiyayuramutwe hamwe n’iterabwoba. Ivyo ngo ni mu gihe uwamusubiriye asanzwe afise nawe ivyaha mwen’ivyo bimwagira.

Prezida Nicolas Maduro akaba yararungitse urwandiko mu gipolisi mpuzamakungu rwo gusaba ko Ortega yofatwa, bivuye kur’ivyo birego yashikirije.

Intureka z’urutavanako zimaze amezi aho muri Venezuela ziramaze guhitana abantu barenga kw’ijana na mirongo ibiri, n’abaharugwa mu majana bakomeretse abandi bagatabwa mu mvuto.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bagiriza Prezida Maduro ibibazo vy’ubutunzi. Ni mu gihe Reta ivuga ko abo batavuga rumwe n’ubutegetsi bakorana na Reta Zunze Ubumwe za Amerika kugira batembagaze ubutegetsi bwa Prezida Maduro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG