Uko wahagera

Prezida Trump Asaba Abanyagihugu Gusubiza Hamwe


Prezida Donald Trump mu gisagara ca Phoenix, muri Reta ya Arizona.
Prezida Donald Trump mu gisagara ca Phoenix, muri Reta ya Arizona.

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatey’akamo abanyagihugu ko gusubiza hamwe. Hari kur’uyu wa gatatu, aho yari mu gisagara ca Reno, muri Reta ya Nevada. Prezida Trump yatangaje ko igihe kigeze co gukira ibikomere bibatandukanya.

Mu majambo yashikirije ari kumwe n’abahoze k’urugamba, Prezida Trump yavuze ko batarangwa n’urukoba rwabo canke imigambwe ya politike baturukamwo, yamara ko barangwa n’ubuntu, ubwenegihugu, igihugu ciza cabo hamwe n’urukundo rwuzuye mu mitima yabo.

Ayo majambo Prezida Trump yayashikirije inyuma y’umunsi umwe yaraye aneguye, ari mu gisagara ca Phoenix, muri Reta ya Arizona, ivyashikirijwe n’ibimenyeshamakuru ku bijanye n’ivyo yatangaje inyuma y’imyiyerekano iheruka hano muri Amerika, imyiyerekano yaranzwe n’amacakubiri.

Inyuma y’uwo mubonano Prezida Trump yaciye atera igikumu kw’itegeko rijanye n’uburyo abahoze k’urugamba bashobora kuronswa imfashanyo y’abamugaye. Ibiro vya Prezida Trump bikavuga ko abashika ku bihumbi mirongo ine n'indwi bahoze k’urugamba barindiriye ibishikirizwa na Prezida kur’iyo ngingo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG