Uko wahagera

Perezida Trump Yashikirije Ijambo Kuri Afuganistani


Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa mbere yashikirije ijambo Abanyamerika aho ahagaze kuri Afuganistani no mu karere ko mu bumanuko bwa Aziya.

Trump avuga ko bitoba vyiza Amerika ivuye muri Afghanistani kuko ngo yoba ihebeye urwo rubuga imirwi y’abarwanyi. Yaneguye kandi igihugu ca Pakistan ko cahaye indaro abahungabanya umutekano.

Yavuze ko yuguruye umuryango w’uko ashobora kurungika abandi basirikare muri Afuganistani ariko kandi ko ashobora kuganira na Pakistani hamwe n’abarwanyi b’Abatalibani yagiriza ubwicanyi no gukora iterabwoba.

Ntiyavuze igihe kanaka abasirikare ba Amerika bazomara muri Afuganistani n’uko har’abo agiye kwongereza ariko yavuze ko atamwimbu uhagije abariyo bariko barazana. Yongeye avuga ko gukurayo abo basirikare atanyishu vyozana k’umutekano mur’ako karere atar’uko ibintu vyoyangara kuruta.

Abasirikare b’amapete ya jenerali bari bahanuye Trump kurungika ibindi bihumbi vy’abasirikare muri Afuganistani gufasha kwigarurira uturere turi mu ninwe y’Abatalibani bagenzura hafi y’ica kabiri c’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG