Uko wahagera

Amerika Yatanguye Itohoza Ku Rindi Sanganya ry'Ubwato Bw'ingwano


Ubwato bw'Amerika busambura Misile USS John S. McCain (DDG 56)
Ubwato bw'Amerika busambura Misile USS John S. McCain (DDG 56)

Igisirikare kirwanira mu mazi ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika categetse itohoza ryagutse ku bikorwa ico gisirikare gikorera mu mazi. Ivyo inyuma yuko ubwato bw’ingwano, USS John McCain busekanye n’ubwato butwara ibidandazwa mu buseruko bwa Sengapour, kur’uyu wa mbere. N’ubugira kabiri ubwato bw’ingwano bwa Amerika busekana n’ubundi bwato mu kiringo c’amezi abiri.

Hari abasirikare mu bari mur’ubwo bwato bw’ingwano bwa Amerika bwagize iryo sanganya irengero ryabo ritazwi, mu gihe batanu muribo bakomeretse.

Ubwato bw’ingwano, USS John McCain bukaba bwononekaye bikomeye mu mpanuka yabereye mu kigobe ca Malacca.Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Jim Mattis yabwiye abamenyeshamakuru, igihe yariko aja mu rugendo mu gihugu ca Jordaniya, kw’ashigikiye yivuy’inyuma itohoza rizokwihweza impanuka zose nkizo zibera mw’ibahari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG