Uko wahagera

USA: Muri Reta ya Floride Abapolisi 2 Baguye m'Umutego


Abapolisi muri Reta ya Floride
Abapolisi muri Reta ya Floride

Hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, abapolisi batandatu bararashwe kur’uyu wa gatanu, babiri barahasig’ubuzima, abandi bane barakomereka mu gisagara ca Kissimmee, muri Reta ya Floride, iri m’ubumanuko bushira ubuseruko bwa Amerika.

Igipolisi mu gisagara ca Kissimmee kivuga ko abo bapolisi baguye m’umutego, kandi ko cafashe umugabo w’imyaka mirongo ine n'itanu, Everett Glenn Miller, yagirizwa ubwo bwicanyi, yamara ko ata birego vy’ubwicanyi yari bwagirizwe muri kahise.

Mur’uwo mwanya, abapolisi babiri kandi barashwe, mu gisagara ca Jacksonville, kiri ku birometero ijana na mirongo itanu uja m’uburaruko bw’igisagara ca Kissimmee, muri Reta ya Floride. Igipolisi catangaje ko nyene kurasa abo bapolisi yaciye yicwa.

Ahandi harashwe abapolisi ni muri Reta ya Pennsylvanie. Umukuru w’igipolisi mur’iyo Reta avuga ko abo bapolisi bacitse kw’icumu.

Prezida Donald Trump, aho asanzwe ari mu karuhuko, muri Reta ya New Jersey yarungitse ubutumwa, aciye k’urubuga rwa Twitter, ahoza imiryango n’inzego z’igipolisi, zakorana n’abahitanywe n’ubwo bwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG