Uko wahagera

Imyigaragamvyo Yiyamiriza Ivangura ry'Amoko muri Amerika


Imyiyerekano mu mabarabara mu gisagara ca Boston
Imyiyerekano mu mabarabara mu gisagara ca Boston

Abantu baharurwa mu bihumbi kur’uyu wa gatandatu bihereje amabarabara mu gisagara ca Boston muri reta ya Massachussets muri Reta zunze ubumwe z’Amerika biyamiriza ivangura moko.

Ivyo bibaye inyuma y’indwi habaye ubwicanyi bufatiye ku moko mu gisagara ca Charlottesville muri Reta ya Virginiya.

Iyo myiyerekano yakoranije abantu bashika ibihumbi bine bahurikiye mu mashirahamwe atari make aharanira gushikiriza ikiri ku mutima.

Igiporisi hamwe n’abategetsi bo mu gisagara ca Boston bahamagarira abo bigaragamvya kubikora mu mutekano.

Mwibuke ko umukenyezi umwe yapfuye abandi bantu 19 barakomereka mu myigaragamvyo yabaye Charlottesville, ivyatumye haba uguterana amajambo kwasongewe n’ivyashikirijwe na Perezida Donald Trump bamwe bise ko ari amajambo aturira.

Abaporisi bashika 500 nibo bari ahabera imyigaragamvyo kugira ntihabe ubwicanyi, nkuko bishikirizwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG