Uko wahagera

Afrika y'epfo: Sentare Ntahinyuzwa Yazibiye Irekurwa rya Janusz Walus


 Janusz Walus
Janusz Walus

Sentare ntahinyuzwa yo mu gihugu ca Afrika y’epfo yazibiye uno musi ku wa gatanu irekurwa rya Janusz Walus umwimukira aturuka mu gihugu ca Pologne yishe mu mwaka w’i 1993

Chris Hani yari mu barwanya intwaro kadyanishamiryango ya apartheid mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Walus afise imyaka mirongo itandatu n’ine murir iki gihe, amaze imyaka mirongo ibiri n’ine y’igihano c’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose, bifatiye kw’igandagurwa rya Chris Hani.

Igandagurwarya Chris Hani ryabaye mu gihe ibiganiro vy’ukurangiza intwaro ya apartheid vyari bigeze ku ntambwe ya nyuma.

Sentare ntahinyuzwa ya Afrika y’epfo yashigikiye ivyasabwe na Reta vy’ukwiyamiriza ingingo yafashe mu mwaka uheze na sentare nkuru y’ukurekura Walus.

Walus yishe Hani, umuyobozi yakundwa cane w’umugambwe wa gikomunista, Commuist Party, umwaka umwe imbere yuko haba amatora ya mbere ahurikiyemwo ubwoko bwose muri Afrika y’epfo.

Walus yimukiye muri Afrika y’epfo mu mwaka w’i 1981 avuye mu gihugu ca Pologne.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG