Mukhtar Robow azwi kw’izina rya Abu Mansour, akaba yahoze ari icegera c’umukuru w’umugwi w’abagwanyi ba Al Shabab, avuga ko ari mu biganiro na reta ya Somaliya mu ntumbero yo gutorera umuti amatati ari muri ico gihugu.
Ivyo yabitanganje ejo ku musi wa kabiri mu kiganiro n’abamenyeshamakuru aho yari kw’ihoteli kumugwa mukuru I Mogadishu.
Robow yavuze ko yavuye muri uwo mugwi w’abagwanyi haciye imyaka itanu. Avuga ko yavuye muri uwo mugwi bitewe n’ivyiyumviro yari afise vyari bitandukanye n’ivyabandi bategetsi ba Al-Shabab.
Avuze ati: “Mukiringo c’imyaka itanu n’amezi indwi nari mwishamba mukarere ka Bakool, uwo mugwi waranteye ugerageza kungandagura”. Ati ariko “Allah yarankingiye ndabivuna”.
Uwo yahoze ari umugwanyi avuga ko ari mubiganiro na reta, avuga ati: “ndizeye ko dushobora guca inzira y’amahoro arama mu gihugu.
Facebook Forum