Uko wahagera

Trump Aragabisha Ikoreshwa ry'Inguvu za Gisirikare muri Venezuela


Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika
Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yatangaje ko ibibazo biri mu gihugu ca Venezuela biriko birarondererwa umuti, kandi ko bishobora guca mu nguvu za gisirikare. Ivyo Prezida Trump yabibwiye abamenyeshamakuru, aho yavuze kandi ko ibiriko biraba mur’ico gihugu ar’intureka zitey’ubwoba.

Mur’ico kiganiro, Prezida Trump yavuze ko abanyagihugu ba Venezuela batorohewe, kandi ko bariko baricwa. Avuga ko Amerika ifise abasirikare mu mice itandukanye y’isi, ko Venezuela itari kure ya Amerika.

Ni mu gihe Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buvuga ko igisirikare ca Amerika citeguye gufasha no gukingira inyungu z’abanyagihugu ba Amerika, abari mu gihugu hagati canke mu mahanga. Ivyo vyatangajwe na Mark Wright, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, aho yavuze kandi ko ubwo bushikiranganji aribwo butunganya ibikorwa vya gisirikare bukabishikiriza Umukuru w’Igihugu.

Reta irongowe na Prezida Trump yaraneguye ingendo ya Prezida Nicolas Maduro wa Venezuela, ijanye no gudashaka kuva k’ubutegetsi, ivuga kandi ko amatora y’inama nshingamateka aheruka kuba aho muri Venezuela aciye kubiri n’amategeko.

Gushik'ubu Igihugu ca Venezuela kirangwamwo Imyiyerekano y’urutavanako imaze guhitana abantu barenga kw'ijana na mirongo ibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG