Uko wahagera

Perezida Maduro Yipfuza Kubonana na Trump Yamufatiye Ibihano


Perezida Maduro wa Venezuwela
Perezida Maduro wa Venezuwela

Perezida w’igihugu ca Venezuwela, Nicolas Maduro yatangaje kur’uyu wa kane, kw’ashaka kubonana na perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yamufatiye ibihano mu vyerekeye ubutunzi.

Mw’ijambo yashikirije inama nshingamateka igizwe n’abantu amajana atanu na mirongo ine na batanu iherutse gushirwaho, ryamaze ikiringo kirenga amasaha atatu, Maduro yatangaje ko yategetse umushikiranganji ajejwe imigenderanire kuvugana n’abategetsi ba Amerika kugira ashobore kuvugana kuri telefone canke ashobore kubonana na Perezida Trump.

Perezida wa Venezuela, Nicholas Maduro yatangaje kandi ko yasavye inama amaso mu yandi gutegurwa mu gisagara ca New York kw’italiki mirongo ibiri z’ukwezi kw’icenda, mu nama yama iba uko umwaka utashe y’abakuru b’ibihugu n’ama Reta yo kw’isi mu rwego rukuru rw’ishirahamwe mpuzamakuru ONU i New York.

Perezida Maduro yamenyesheje kw’ashaka imigenderanire ikomeye na Reta Zunze Ubumwe Za Amerika, nk’iyo afitaniye n’igihugu c’Uburusiya.

Reta ya Perezida Trump yatangaje ko Maduro ari umutegetsi atwaza agahotoro. Ikaba yamufatiye ibihano hamwe n’abandi bategetsi ba Reta yiwe batari bake kw’italiki 31 z’ukwezi kw’indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG