Uko wahagera

Canada Ifise Amakenga ku magara y'Abakozi Bayo muri Cuba


Cuba Canada
Cuba Canada

Ibiro vy’uwuserukira Igihugu ca Canada muri Cuba vyatangaje ko umwe mu bakozi b’ivyo biro afise ingirone yo kwumva, isa n’iyatumye abakozi batari bake bakorera ibiro vy’uwuserukira Amerika mur’ico gihugu bava mu gisagara ca La Havane, k’umurwa mukuru wa Cuba.

Nta vyinshi vyatangajwe kur’iyo nkuru, yamara umuvugizi w’ivyo biro yatangaje ko bamaze kubona ibimenyetso bidasanzwe batahorana, ku bakozi ba Amerika na Canada, bakorera k’umurwa mukuru wa Cuba. Reta ya Canada iriko irakorana n’abategetsi ba Amerika hamwe n’aba Cuba, kugira bamenye icabiteye.

Iryo tangazo rya Canada ryasohotse inyuma y’umunsi umwe Departema ya Amerika itangaje ko yirukanye abakozi babiri bakora mu biro vy’uwuserukira Cuba muri Amerika, m’ukwezi kwa gatanu, bivuye kur’ivyo bimenyetso vyabonetse ku bakozi bayo bari muri Cuba.

Umwe mu bakozi ba Departema ya Amerika avuga ko hashobora kuba hari ibikoresho vy’amajwi bitumvikana, bishobora kuba vyari mu mazu abo bakozi babamwo. Abo bakozi babonetseko ibimenyetso vyo kumeneka imitwe, kudasinzira, no kuzazanirwa. Ivyo bikaba vyatumye baca batahukanwa mu gihugu cabo hakiri kare.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Cuba n’ayandi makungu bwatangaje ko abategetsi ba Cuba batanze itegeko ry’uko hakorwa amatohoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG