Uko wahagera

Mu gihugu c’Ubushinwa, habaye impanuka y’imodoka yo m’ubwoko bwa bus, abashika kuri mirongo itatu na batandatu bahasize ubuzima n’abandi cumi na batatu bakomeretse. Iyo mpanuka yabereye mu ntara ya Shaanxi, iri hagati mu gihugu, nk’uko vyatangajwe n’abategetsi b’Igihugu.

Igipolisi aho m’Ubushinwa catangaje ko iyo modoka yasetse uruhome, iriko ica mu mabarabara y’ikuzimu. Ntivyatangajwe nimba har’izindi modoka zahitanywe n’iyo mpanuka.

Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, rimenyesha ko impanuka zibera ku mabarabara mu gihugu c’Ubushinwa zihitana abashika ku bihumbi mirongo ibiri na bitandatu bur’imwaka, bivuye k’umuvuduko urengeje abatwara imiduga bagenderako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG