Uko wahagera

Komisiyo y'Amatora Yemeje ko Kagame Yatsinze n'amajwi hafi 99%


Perezida Kagame arimo gutora.
Perezida Kagame arimo gutora.

Komisiyo y’igihugu ijejwe amatora mu Rwanda yemeje uno musi ku wa gatatu ko Perezida Paul Kagame yatahiye intsinzi ya 98.79 kw’ijana vy’amajwi mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu ndwi irangiye.

Nta mazinda yariho ko Perezida Kagame, muri iki gihe fise imyaka mirongo itanu n’icenda, yari kubandanya kuyobora u Rwanda. ​

Ivyari vyavuye mu matora vy’agateganyo vyari vyerekanye ko yatsinze na 98.63 kw’ijana vy’amajwi. Atsindiye ikiringo kigira gatatu mu mabanga by’umukuru w’igihugu.

Ivya nyuma vyavuye mu matora vyerekana ko Frank Habineza, ayoboye umugambwe utavuga rumwe na Reta, Green Party, yaronse 0.48 kw’ijana vy’amatora mu gihe umukandida yigenga, Philippe Mpayimana yaronse 0.73 kw’ijana vy’amajwi.

Abo bakandida bompi baremeye ko batsinzwe mu matora, igihe ivyayavuymwo vy’agateganyo vyashikirizwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG