Uko wahagera

Obama Ahamagarira Abanyakenya Kwirinda Ubwicanyi mu Matora


Perezida Obama Yahoze Atwara Amerika
Perezida Obama Yahoze Atwara Amerika

Perezida Barack Obama yahoze atwara Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa mbere yahamagariye Abanyakenya kwitabira amatora mu mahoro.

Asaba abategetsi ba Kenya kwigiza kure ico cose gishobora gutuma abantu bapfa kandi bakemera aho Abanyagihugu bashira. Ivyo Obama yabitangaje kur'uyu wa mbere mugihe kur’uyu wa kabiri Perezida Uhuru Kenyatta asanzwe atwara Kenya na Railla Odinga, amaze gutsindwa incuro zitatu zose bahava bahangana.

Imiliyoni zirenga 20 z’Abanyakenya kur’uyu wa kabiri baratora umukuru w’igihugu, ba buramatari, abashingamateka, abasenateri yamwe n’abakuru b’imitumba.

Amatora abaye inyuma y’ayaheruka haraheze imyaka 10 yabayemwo imvururu za poritike zahitanye abarenga 1000 hamwe n’abarenga ibihumbi 600 bateshejwe izabo.

Obama abahamagarira kwibuka ayo mabi yabaye muri kahise, kugira bitegurire kazoza keza. Mwomenya ko Kenya arico gihugu ca se avyara Obama.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG