Uko wahagera

Boko Haram Yaragandaguye Abarovyi 31 muri Nijeriya


Abarovyi b'Abanyanijeriya mu Kiyaga Tchad
Abarovyi b'Abanyanijeriya mu Kiyaga Tchad

Abarovyi bashika 31 baragandaguwe n’umuhari w’iterabwoba Boko Haram, ku nkengera z’ikiyaga Tchad k’uruhande rwa Nijeriya.

Amakuru yashikirijwe kur’uyu wa mbere k’umugoroba n’ababa aho vyabereye, avuga ko abo barwanyi bubiriye abo barovyi k’umusi wa gatandatu mu turere twa Duguri na Dabar Wanzam.

Ubwo bwicanyi bubaye mugihe igisirikare ca Nijeriya caheruka kwongera guha uburenganzira abo barovyi gusubira kuroba kugira abanyagihugu ahanini bama bateze amashi imfashanyo bashobore kwiyungunganya mu buzima biciye mur’uwo mwuga wo kuroba.

Igisirikare cari carahagaritse uburovyi kivuga ko amahera abanyagihugu babukuramwo bayafashisha Boko Haram.

Nta mutegetsi yaba uwa gisirikare canke mubajejwe intwaro mur’ico gihugu yashimye kugira ico avuze kur’ubwo bwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG