Uko wahagera

RDC: Ubwicanyi Bwahitanye 12 i Kinshasa


Abantu 12 kur’uyu wa mbere nibo bishwe I Kinshasa k’umurwa mukuru wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo inyuma y’amasasu yumvikanye mu micungararo y’ibohero rikuru ry’aho I Kinshasa, nkuko bimenyeshwa n’umuvugizi w’igipolisi ca Kongo.

Koloneli Pierrot Mwanamputu avugira igiporisi avuga ko abo bantu bishwe n’amasasu yigenza.

Abandi bantu babiri barishwe mu ruhagarara nk’urwo mu gisagara ca Matadi m’ubumanuko bushira uburengero bwa Kongo.

Igipolisi cagiriza akagwi k’abarwanyi kitwa Bundu dia Mayala, kavugwa kuba ari nako kateye iryo bohero nyene gatorokesha abarongozi babo m’ukwezi kwa gatanu.

Ubwicanyi butera bwiyongera mur’ico gihugu butuma haba ubwoba ko hashobora gusubira kwaduka intambara hagati y’abenegihugu, aho kuva m’umwaka w’1990 amamiliyoni y’abantu bamaze gupfa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG