Mike Pence, icegera c’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yamiriye kure amakuru avuga ko ategekanya kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu, ari hamwe Prezida Donald Trump atitoje mu kiringo kigira kabiri, m'umwaka w'ibihumbi bibiri na mirongo ibiri.
Pence yaneguye amakuru yasohotse mu kinyamakuru New York Times, kur’uyu w’Imana avuga ko atey’isoni. Ni mu gihe kandi ivyirwa vyakozwe ku bijanye n’uburyo PrezidaTrump n’Icegera ciwe Pence, bavyifashemwo mu kiringo c’amezi 6 n’igice bamaze barongoye igihugu vyerekana ko ica gatatu c’abatoye ari bo bonyene bashima ubuyobozi bw’abo bategetsi.
Ikinyamakuru New York Times kikavuga ko ivyo ngo biri muvyatumye bamwe muba Republikani bavuga ko Prezida Trump atokwitoza mu kiringo ca kabiri co kuyobora Igihugu.
Mike Pence, icegera ca Prezida Tump, yatangaje ko nyabuna ategekanya gushira inguvu ku migambi Prezida Trump yiyemeje kurangura, kugira ashobore gusubira gutsindira amatora yo mu bihumbi bibiri na mirongo ibiri.
Facebook Forum