Umurwi ujejwe gucungera amatora mu gihugu ca Kenya uvuga ko utegekanya kurungika abantu ibihumbi bitanu bazoba bajejwe gukurikirana amatora, k’umunsi wa kabiri, w’indwi buca itangura.
Abagize uwo murwi baturuka mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, hamwe n’amashirahamwe akukira amadini, bakoranye kur’uyu wa gatandatu, k’umurwa mukuru wa Kenya, I Nairobi. Baciye batangaza igitigiri c’abazokurikirana ayo mataro.
Simon Wanjiru, umukuru w’uwo murwi avuga ko abagize uwo murwi ataho bahengamiye, kandi ko bazokarera m’umuco hageze gushira ahabona ivyavuye mu matora.
Wanjiru avuga kandi ko uburyo bashizeho bwo gucungera amatora, bufise ubuhinga bwo gutora utunenge, kandi ko vyakozwe kugira bakure amakenga mu banyagihugu.
Amatora y’Umukuru w’Igihugu muri Kenya ategekanijwe kuba kur’uyu wa kabiri, itariki umunani z’uku kwezi kw’umunani.
Facebook Forum