Uko wahagera

Somaliya: al-Shabab Yishe Buramatari w'Intara ya Galgadud


Abarwanyi b'umuhari al-Shabab
Abarwanyi b'umuhari al-Shabab

Abarwanyi b’Umuhari al-SHabab bishe buramatari w’intara ya Galgadud, Mohamed Ali Elmi, n’uwo bavukana, k’umurwa mukuru wa Somaliya, I Mogadiscio.

Ubwo bwicanyi bwabaye k’umugoroba wo kur’uyu wa gatanu, mu gihe uwo mutegetsi yari yagiye kuramukanya m’umuryango. Abar’aho bamenyesha ko ico gitero cakozwe n’abagabo baje bitwaje ibirwanisho, baca barahunga imbere y’uko abajejwe umutekano bashika mur’ico kibanza.

Umuhari al-Shabab waciye usohora itangazo aho wavuze ko akarwi kawo ka mujaahidin ariko kakoze ico gitero cahitanye uwo muburamatari. Ico gitero cabaye inyuma y’umwanya muto habaye ikindi gitero, cabereye hagati k’umurwa mukuru wa Somaliya, gihitana abanyagihugu batatu.

Mu gitondo co kur’uyu wa gatanu, umuhari al-Shabab wigararuriye igice gikomeye c’igisagara ca Lower Shabelle, inyuma y’aho inteko mvamakungu z’Ubumwe bwa Afrika ziviriye mur’ico gisagara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG