Umugwi nyabutatu ugizwe na Reta y’Uburundi, Reta ya Tanzaniya hamwe n’ishirahmwe HCR ryitaho impunzi washizweho kugira utegure ugutahukana zimwe mu mpunzi ziri muri Tanzaniya ziheruka kubisaba ku gushaka kwazo.
Ivyo n’ivyashikirijwe n’uwutwara amakambi yose y’impunzi ziri mur’ico gihugu ari kumwe n'abatwara igipolisi ku mugoroba w’ejo kuwa kane mu gihe yariko arahumuriza zimwe mu mpunzi z’Abarundi zari zagumutse zishaka gutaha ku nguvu mw’ikambi y’i Nduta.
Kuva mu ntango z’iyi ndwi, hagumye har’uruhagarara mw’ikambi y’impunzi z’Abarundi i Nduta muri Tanzaniya. Rwatewe n’uko zimwe mu mpunzi zifuza ko zotahukanwa vuba kuko haheze amezi arenga atatu abashika ibihumbi 15 biyandikishe ngo batahukanwe.
Mu gihe bari bafashe ingingo ko bagiye kwitahira n’amaguru hamwe batohabwa imodoka, vyabaye ngombwa ko kur’uyu wa kane ku mugoroba abatwara igipolisi hamwe n’abatwara ikambi zose z’impunzi bagirisha inama yihuta yo gusukamwo mabisi.
Izo ntumwa za Reta ya Tanzaniya zabwiye zimwe murizo mpunzi zifuza gutahuka, ko zotekana zikarindira gushika aho zizotahukanwa mu buryo buzwi. Iyo nama yari yatumiwemwo impunzi zose.
Igihugu ca Tanzaniya kirimwo impunzi z’Abarundi zirenga ibihumbi 244. Abamaze kwiyandikisha ngo batahuke barenga gato ibihumbi 15. Ukwo gushaka gutahuka vyatanguriye mw’ikambi ya Nduta irimwo Abarundi barenga ibihumbi 244, mu gihe mur’ico gihugu hari amakambi y’impunzi atatu.
Pierre Claver Niyonkuru, i Arusha, ku bw’Ijwi ry’Amerika:
Facebook Forum