Uko wahagera

Somaliya: Al Shabab Yafashe Igisagara ca Leego


Abarwanyi ba Al Shabab muri Somaliya
Abarwanyi ba Al Shabab muri Somaliya

Muri Somaliya abarwanyi ba Al-Shaba basubiriye gufata ikigwati gikomeye k’umutekano w’akarere kiri hagati y’umurwa mukuru Mogadishu n’uburengero bw’igihugu.

Abanyagihugu baba I Leego ku birometero 120 uvuye I Mogadishu, bavuze kw’abo bagwanyi binjiye mur’ico kigwati bongera baragifata mu gitondo c’uno wa gatanu.

Abo barwanyi bagifashe inyuma y’aho abasirikare b’Abaganda b’inteko z’Afrika za AMISOM bacungera umutekano w’aho bari barangije kuvayo nkuko vyari bitegekanijwe n’Ubumwe bwa Afrika.

Ibrahim Adam Najah, buramatari w’akarere k’ubumanuko bw’akarere ka Shabelle niwe yatangarije Ijwi ry’Amerika iryo fatwa rya Leego.

Avuga ko abarwanyi ba Al-shabab binjiye mur’ico kigwati n’ibiduga binini binini bitanu bava mu turere dutandukanye kandi ko bitabashimishije k’ukuntu inteko z’ubumwe bwa Afrika zavuye mur’ako karere batabibamenyesheje.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG