Uko wahagera

Israyeli: Netanyahu Arikekwa Kurya Ibiturire


Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli
Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli

Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli, Benjamin Netanyahu, arikekwa ko ivyaha vyo kurya ibiturire, inyuruzwa ry’amatungo, hamwe no kuba atabaye umwizigirwa mu madosiye abiri avugwamwo itangwa ry’igiturire.

Abajejwe gukora amatohoza, bamaze amezi atari make babaza ibibazo Netanyahu, basohoye urwandiko, yamara rutemerewe gushirwa ahabona n’ibimenyeshamakuru.

Netanyahu arahakana ivyo birego vyose bimuriko. Umuvugizi wiwe yatangaje, kur’uyu wa kane, ko Netanyahu ahirwa muri kino gihe n’abarondera guhindura intwaro. Umuvugizi wa Netanyahu amenyesha ko ataco bizoshikako, bivuye ko ivyo yagirizwa atari vyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG