Uko wahagera

RDC: Abarovyi 6 Bapfiriye mu Kiyaga Albert


Abarovyi bashika batandatu b’Abanyekongo baraburiwe irengero ryabo inyuma y’aho ubwato barimwo bwibiriye mu kiyaga Albert k’uruhande rwa Republika iharanira demokarasi ya kongo mu gice c’uburaruko bushira ubuseruko.

Wilson Rusoke, arongoye abarovyi mur’ako karere avuga ko ubwo bwato bwibiye bwarimwo abarovyi cumi n’umwe, batanu babashije kurokorwa.

Rusoke avuga ko ibikorwa vyo kurondera ibiziga bikibandanya kandi ko ivyo vyabaye mw’ijoro ryo kuwa kabiri rishira uwa gatatu.

Umuyaga ukomeye wibonekeje mur’ico kiyaga woba ariwo ntandaro y’iryo sanganya, nkuko Rusoke abandanya abivuga.

Ubwato bwibira muri Republika iharanira demokarasi ya kongo birakunda kuba mu biyaga canke inzuzi aho amasanganya nkayo yama yahitanye abatari bake bivanye nuko ata bikoresho vyo kwikingira baba bafise abandi ata buhinga bwo kwoga bafise.

M’ukwezi kw’indwi itariko 16, abantu 27 barapfuye abandi 54 baraburwa irengero inyuma y’aho ubwato bwibiye mu ruzi Kasai, m’ubumanuko bushira uburengaro bw’ico gihugu.

Nayo m’ukwezi kwa gatatu, umwaka wa 2014, kur’ico kiyaga nyene Albert, ubwato bwari butahukanye impunzi z’Abanyekongo zivuye bwahitanye abantu 210.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG