Uko wahagera

COMESA Yanse Gukorera Inama mu Burundi


Ibihugu vy'Afurika bigize umuryango wa COMESA
Ibihugu vy'Afurika bigize umuryango wa COMESA

Umuryango w'ubutunzi w'ibihugu vya Afrika y'ubuseruko niy'amajepfo "COMESA" wanse ko inama zawo z'uyu mwaka zibera mu Burundi nk'uko vyari bitegekanijwe.

Mw’ikete umunyamabanga mukuru wa Comesa Sindiso Ngwenya yandikiye umushikiranganji w’Uburundi ajejwe ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi Pelate Niyonkuru yamubwiye ko Uburundi butagize imyiteguro ihagije yo kwakira inama y’inzego za Comesa, iy’abakuru b’ibihugu b’uwo muryango hamwe n’abatambukanyi babo.

Umunyambanga mukuru wa Comesa arasigura zimwe mu mpamvu zatumye ibihugu bigize uwo muryango bisivya inama yobereye I Bujumbura muri uyu mwaka. Ngwenya ahanini atanga uturorero tw’utuzu twa surwumwe tudakwiye ku bantu bose bokwitavye iyo nama, ama hoteri atari ku rugero rushemeye, ivyumba biberamwo ama nama bidakwije ibisabwa n’amategeko ,imiduga y’abubahwa cane cane abakuru b’ibihugu itigeze yerekanwa n’ubwo umugwi wa Comesa waje I Bujumbura wemejwe ko iriho hamwe n’urugero rwa internet rudakwiye.

ibiro vy’umunyambanga mukuru wa Comesa bivuga ko ku bijanye na internet inama ikeneye n’imiburiburi ama mega ogtet 20 ariko ayashobora kuboneka akaba atarenga atanu. Kubijanye n’imiduga yokoreshwa n’abandi bantu bazoba bari mu ma nama, umunyambanga mukuru wa Comesa asigura ko intumwa yarungitse mu Burundi zasanze amashirahamwe yose zagendeye ata na rimwe rifise igitigiri c’imiduga ikenewe.

Izo ntumwa za Comesa zidoga kandi ko zahamwe umuduga umwe gusa mu gihe zariko zigendera ibibanza bitandukanye nk’ama hoteri n’bindi ziraba ko ibikenewe vyose vyatunganijwe. Zimenyesha ko iyo zihabwa uburyo bukwiye bwo kwiyunguruza kumbure zari kubona ibindi bibanza vyinshi.

Bwana Sindiso Ngwenya
Bwana Sindiso Ngwenya

Bwana Sindiso Ngwenya amenyesha ko itunganywa ry’iyo nama y’ibisata vya Comesa n’abakuru b’ibihugu n’abakenyezi babo riri ku bitugu vyiwe agasigurira umushikiranganji Pelate Niyonkuru ko bitagikunze ko iyo nama ibera mu Burundi.

Iyi nama ya Comesa n’ubwo hafashwe ingingo yo kuyisivya, hari ama nama atari make yo ku rwego rwa Afrika n’uturere yaramaze imisi abera I Bujmbura. Twovuga nk’iy’umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu bigize ibiyaga binini vya Afrika CIRGL n’umunyamabanga mukuru wa Afrika y’ubuseruko EAC, iy’abashikiranganji b’ibigega vya Leta n’imigambi b’ibihugu vy’umuryango wa Afrika yo hagati CEEAC , iy’abahuza bo muri Afrika n’abo mu gisata c’abikorera utwabo hamwe n’iyabafashanya n’Uburundi n’izindi.

Mbere na Perezida Nkurunziza mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu uyu mwaka yari yasavye ibihugu vyo muri EAC gutunganiriza ama nama menshi mu gihugu ciwe. Yariko yugurura indwi yo kwibuka imyaka 10 Uburundi bumaze muri uwo muryango.

Amategeko agenga Comesa avuga ko mu gihe igihugu bikinaniye gutegura neza inama z’uwo muryango zica zimurirwa I Lusaka muri Zambiya ku cicaro cawo. N’ubu hamwe ata kindi gihugu cokwerekana ko citeguriye kwakira ayo ma nama niko bizoca bigenda.

Inama z’ibisata vya Comesa zaheruka gutunganirizwa muri Ethiopia mu mwaka w’I 2015 ari naho Uburundi bwari bwasabiye gutunganya iyikurikira yo muri uyu mwaka w’I 2017.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Bujumbura mu Burundi Eloge Willy Kaneza ni we utugezaho iyi nkuru.

please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:03:36 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG