Uko wahagera

Abanyororo bashika 20 Baratorotse Ibohero ry'i Bukavu


Inyubako y'ibohero rikuru ry'i Bukavu, k'umurwa mukuru w'intara ya Kivu y'ubumanuko.
Inyubako y'ibohero rikuru ry'i Bukavu, k'umurwa mukuru w'intara ya Kivu y'ubumanuko.

Abanyororo baharurwa muri 20 baratorotse mw’ibohero ryo mu gisagara ca Bukavu k’umurwa mukuru w’intara ya kivu y’ubumanuko, muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, nkuko bishikizwa n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika akorera mur’ako karere.

Amakuru ava mu giporisi akanemezwa n’ababibonye avuga ko abo banyororo batorotse kur’uyu wa gatanu inyuma y’aho haterewe gerenade kw’iyinjiriro ry’iryo bohero bituma haduka uruhagarara rwakurikiwe no kurasa amasasu menshi mu gihe bamwe mu banyororo baciye bikika inyuma y’ako kajagari babona gutoroka.

​Umukuru w’ico gisagara, Philémon Yogolelo, yatangaje ko umuntu umwe ariwe yahasize ubuzima, abandi bagizwe n’abari baje kuraba ababo barakomereka bikomeye bahitanwe n’amasasu yigenza.

Abo bakurikiye abandi banyororo barenga 900 batorotse mu ntango z’ukwezi kwa gatandatu I Béni, mu ntara ya Kivu y’uburaruko inyuma y’igitero c’abantu batamenyekanye.

Imbere y’aho kandi, kw’italiki ya 17 z’ukwezi kwa gatanu, abandi banyororo barenga 4000 baratorotse ibihero rikuru ryo k’umurwa mukuru Kinshasa inyuma y’igitero nk’ico cakozwe kur’iryo bohero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG