Uko wahagera

Uburusiya Bwihoye Bufatira Inyubako za Amerika i Moscou


Imibanire y'Amerika n'Uburusiya

Kuri uno musi wa gatanu, Uburusiya bwafashe ingingo yo kwihora ibihano bishasha bwahawe n’inama nshingamateka ya Reta zunze ubume za Amerika ku musi wa kane.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’amakungu bw'Uburusiya buvuga kw’ivyo bihano vyerekana agasomborotso kadasanzwe kagigwa na Amerika mubijanye n’imigenderane mpuzamakungu.

Ubwo bushikiranganji buvuga buti : « Dusavye yuko igitigiri c’intumwa za Amerika i Moscow, kingana n’igitigiri c’intumwa z’Uburusiya kiri muri Amerika. Uburusiya buvuga ko abakozi ba ambasade ya Amerika batazorenga 455 kandi kw’igikogwa co kubaganbanya kitorenga uku ukwezi kwa munani kuza.

Ikindi Uburusiya bwongeyeko kuri iryo gabanwa ry’abadiplomate, n’uko ambassade ya Amerika itacemerewe gukoresha ububiko yari isanzwe ikoresha i Moscow canke ngo ikoreshe inyubakwa yayo y’akaruhuko iherereye ahitwa Serebryany Bo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG