Uko wahagera

Ubutaliyano Bugiye Gukomeza Umutekano Ahaca Abimukira


Abimukira k'umugabane w'Uburayi
Abimukira k'umugabane w'Uburayi

Igihugu c’Ubutaliyano gitegekanya kurungika ubwato bw’ingwano buzofasha abajejwe gucungera umutekano k’urubibe rwa Libiya, ahasanzwe haca abimukira baharugwa mu bihumbi, binjira mur’ico gihugu.

Paolo Gentiloni, umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano yatangaje kur’uyu wa kane ko ivyo bishobora kuzofasha gutorera umuti ikibazo c’abimukira, kimaze amezi atari make kiraje ishinga ibihugu vya Buraya.

Kuva mu ntango z’uyu mwaka Ubutaliyano bumaze kwakira abimukira bashika ku bihumbi ijana, baturutse muri Afrika, Aziya y’Epfo hamwe n’ibihugu vy’abarabu.

Ikibazo c’abimukira carateye kandi impari zitari nke hagati y’Igihugu c’Ubutaliyano n’Ibihugu vy’Uburayi, bivuye ko Ubutaliyano bwidogera ivyo bihugu ko bitagifasha kwakira abo bimukira, mu gihe kandi bamwe muribo bamenyesha ko bipfuza gushirwa mu bindi bihugu kur’uwo mugabane, atar’Ubutaliyano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG