Uko wahagera

Amerika Iratewe Amakenga n'Ibirwanisho vya Koreya ya Ruguru


Misile balistique itewe na Koreya ya Ruguru

Jenerali Mark Milley, ayoboy’igisirikare ca Amerika yemeza ko ubuhinga Koreya ya Ruguru ikoresha mu guhingura ibirwanisho vya misile bushobora guter’imbere m’uburyo bwihuta kurusha uko babiziga. Ivyo Jenerali Milley yabivugiye mu kigo National Press Club kiri hano I Washington, kur’uyu wa kane. Ni mu gihe Koreya ya Ruguru yariko irahimbaza isabukuru yo kwibuka aho intambara yari yatanguye m'umwaka w'igihumbi kimwe n'amajana icenda na mirongo itanu, yahera.

Milley yabwiye abar’aho ko Koreya ya Ruguru itey’ubwoba kandi ko bigenda bikomera uko iminsi yigir’imbere. Mu ntango z’uku kwezi, Koreya ya Ruguru yaratangaje ko yahejeje ibikorwa vyayo vya mbere vyo kugerageza misile balistique ishobora kugenda umwanya muremure. Umwe mu bahinga akaba yaratangaje ko iyo misile ishobora gushikira ama Reta ya Amerika ari m’uburengero nka Alaska na Hawai.

Abategetsi mu gisirikare ca Amerika batangaje ko ar’ibintu batari bwabone muri kahise.

Kur’uyu wa kane, har’amakuru yavuga ko mu gihe Koreya ya Ruguru yariko ihimbaza iryo sabukuru, yari gushobora gutera izindi misile, yamara ayo makenga yahavuye aherera m’ukuyaga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG