Uko wahagera

Igihugu ca Irani Cararungitse Satelite Mu Kirere


FILE - People are seen gathered around a model of Simorgh satellite-carrier rocket displayed during a ceremony marking the 37th anniversary of the Islamic Revolution, in Tehran, Iran, Feb. 11, 2016.
FILE - People are seen gathered around a model of Simorgh satellite-carrier rocket displayed during a ceremony marking the 37th anniversary of the Islamic Revolution, in Tehran, Iran, Feb. 11, 2016.

Ku musi wa kane, igihugu ca Irani caratangaje ko carungitse ikigendajuru mu kirere gihetse satelite. Televiziyo y’igihugu ca Irani yatangaje kw' ico kigendajuru bise Simorgh, gifise inguvu zo guterura satellite ifise ibiro 250, kikayishikana ku birometero 500 mu kirere, kiyikuye kw’isi.

Iyo televiziyo yatangaje kw' ikigo c’ubumenyi bujejwe ibirere citwa Imam Khomeini Space Center cakoze imyimenyerezo y’ico kigendajuru Simorgh, ikagenda neza.

Irungikwa ry’ico kigendajuru ribaye inyuma y'aho reta Zunze Ubumwe za Amerika zitangarije ko zigiye kwongereza ibihano kur' ico gihugu, kubere programe yaco yo guhingura ubuhinga bw’amamissile arungikwa mu kirere.

Iryo rungikwa ry’ico kigendajuru ntiryari riteye kubiri n’amasezerano yapfunditswe mu 2015 hagati ya Irani n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi. Ariko Amerika ivuga kw'ifise amakenga ku buhinga bwakoreshejwe. Ivuga ko Irani ishobora gukoresha ubwo buhinga mu guhingura ibigwanisho ruhonyaganda vy’amamissile ashika kure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG