Uko wahagera

Burundi: Igiporisi Gisabwa Kumenyekanisha Amategeko Akigenga


Faustin Ndikumana, arongoye Ishirahamwe PARCEM
Faustin Ndikumana, arongoye Ishirahamwe PARCEM

Ishirahamwe Parcem rihamagarira Abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama, rihamagarira igiporisi c'Uburundi kumenyekanisha itegeko rishasha rikigenga.

Umukuru wa Parcem Faustin Ndikumana yabishikirije kur’uyu wa kane mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Iryo shirahamwe ribona ko ivyo vyotuma hagabanuka amakosa akorwa n'igipolisi mu gihe abantu bose bomenya ivyo inzego zitandukanye z'igiporisi zirekuriwe gukora.

Parcem ryemeza ko ingingo ziri muri iryo tegeko ari nziza cane kandi zishobora gutuma igipolisi gikora cubahiriza ubwigenge bwa kiremwa muntu n’abanyagihugu bakaciyumvamwo kurusha.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika m’Uburundi, Eloge Willy Kaneza yarakurikiye ico ikiganiro.

please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:04:02 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG