Uko wahagera

RCA: Intambara Zahitanye Abasirikare 2 ba ONU


Stephen O’Brien, umuyobozi w'Ibiro bijejwe imfashanyo ya ONU, muri Republika ya Centrafrika.
Stephen O’Brien, umuyobozi w'Ibiro bijejwe imfashanyo ya ONU, muri Republika ya Centrafrika.

Muri Republika ya Centrafrika hasubiye kwaduka intambara kur’uyu wa kabiri, zahitanye abasirikare babiri b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, baturuka mu gihugu ca Maroc. ONU yatangaje ko izo ntambara zishobora gutuma akigoro ko kugarukana amahoro mur’ico gihugu gapf’ubusa.

Antonio Guterres, Umunyamabanga mukuru wa ONU yatey’ivyatsi ubwo bwicanyi bwahitanye abasirikare bari mu gikorwa co kugarukana amahoro. Abo basirikare bakaba baguye m’umutego, m’ubumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Bangassou, kur’uyu wa kabiri.

Ico gitero kibaye inyuma y’iminsi ibiri habaye ikindi gitero cahitanye umusirikare umwe w’uyo murwi. Guterres yatey’akamo imirwi yose igwana guhagarika izo ntambara, no gufata ingingo zikwiye kugira umutekano ntusubire guhungabana.

Igihugu ca Republika ya Centrafrika kiri mu ntambara zatanguye m'umwaka w'ibihumbi bibiri na cumi na gatatu, inyuma y’aho Prezida Francois Bozize, yar’umukristu, akuriwe k’ubugetsi n’abarwanyi b’aba isilamu, baturuka m’umurwi Seleka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG