Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Machar Ntazotumirwa mu Biganiro


Riek Machar, Umuyobozi w'umurwi w'abarwanyi ba Sudani y'Ubumanuko, SPLM.

Amashirahamwe y’abadaharanira ivyicaro vya politike amenyesha ko kwigizayo umukuru w’abagwanyi, Riek Machar, mu biganiro vy’amahoro, bizotuma Igihugu ca Sudani y’Ubumanuko kitava mu ntambara.

Ni mu gihe Abashikiranganji baturuka mu karere ka Afrika y’Ubuseruko batangaje, kur’uyu wa mbere, ko Machar atazotumirwa mu biganiro bikurikira, bitegekanya gukomeza amasezerano y’amahoro yo mu bihumbi bibiri na cumi na gatanu, hagati y’abarwanyi na Reta ya Sudani y’Ubumanuko.

Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Igihugu ca Etiyopiya n’ayandi makungu, inyuma y’iyo nama y’abashikiranganji. Workenh Gebeyehu yavuze ko bazotumira imirwi yose y’abarwanyi, harimwo n’abazoserukira Riek Machar, yamara ko mur’uyu mwanya batazotumira Machar kwitabira ivyo biganiro.

Amashirahamwe y’abadaharanira ivyicaro vya politike avuga ko kudatumira Machar ar’ukwihenda. Abari mur’ayo mashirahamwe bakibaza nimba urwo runani rw’abashikiranganji ataho ruhengamiye muvyo rukora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG