Uko wahagera

Abatalibani Bishe Abasirikare 26 muri Afuganisitani


Abategesi bo mu gihugu ca Afuganistani, uyu musi ku wa gatatu bemeje amakuru avuga kw’igetero cakozwe n’abatalebani mu bumanuko bw’intara ya Kandahar, cahitanye ubuzima bw’abasirikare 26, abandi nabo 13 bagakomereka.

Ico gitero caraye kibaye mw’ijoro riheze mu karere ka Khakrez, cariko kirondera abasiriakare ba reta ya Afuganistani, nk’uko umuvugizxi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi Dawlat Wazari, yabitangaje. Yamenyesheje kandi kw’abasirikare bsihe abagwanyi 80 b’abatalebani, igihe bariko baratana mu mitwe.

Abasirikre b’intwazangabo muri ako karere babwiye abamenyeshamakuru kw’ibitero vy’indege hamwe n’ibitero vy’abasirikare ba reta ya Afuganistani bagwanira ku butaka, vyatumye abatalebani bata bagahunga. Yavuze kandi kw’indege za kajugujugu zatwaye mu bitaro vyo mur’iyo ntara, abasirikare bakomeretse.

Hari amakuru ariko aratangazwa avuga kw’abatalebani bagiye batwaye ibigwanisho hamwe n’ibindi bikoresho vya gisirikare.

Umuvugizi w’abatelebani avuga kw’abatalebani bafashe ikampi ya gisirikare, bakica abasirikare ba reta ya Afuganistani 74, bakongera bakagira imbohe abandi batandatu. Uyu musi kandi, abatelabani bakoze ikindi gitero mu karere gakomeye, mu buseruko bw’intara ya Noortistan.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG