Uko wahagera

Umuriro ku Nkengera za Riviera Wimuye Abantu Isinzi mu Bufaransa


Indege y'ubutabazi mu gikorwa cyo kuzimya inkongi y'umuriro
Indege y'ubutabazi mu gikorwa cyo kuzimya inkongi y'umuriro

Abahinga mu kuzimya umuriro mu gihugu c’Ubufaransa barabandanya utwigoro two guhagarika umuriro watanguye ejo ku musi wa kabiri mw’ijoro mu bice vyinshi vyo ku nkengera ya Riviera; umuriro watumye abantu ibihumbi n’ibihumbi, bimurwa.

Uyo, niwo mu muriro wa nyuma mu miriro itari mike yahoneje amashamba hagati y’igisagara ca Marseilles hamwe n’igisagara ca Nice, mu bumanuko bw’Ubufaransa.

Ibibanza vyose birmwo ubwato bw’abantu bakunda kunezerwa ku mazi bw’aho bita Saint Tropez hagendrwa n’ingenzi nyinshi, vyaratewe n’uyo muriro umeze nk’umuriro wa Nyakanga, ku buryo abantu barenga 10000 bimuwe.

Abahinga amajana n’amajana bajejwe kuzimya umuriro, barabandanya kuzimya uyo muriro, bakoresheje indege hamwe na za kajugujugu, zibandanya kumijagira amazi mur’iyo ntara irimwo imisozi, yamara yadutsemwo umuriro mu gihe c’ici. Gushika ubu, nta muntu arasiga ubuzima mur’iyo miriro.

Iyo ntara ya Mediteranee yo mu Bufaransa, yama yadutsemwo umuriwro kubera ifise amashamba Manini, aheza akuma mu gihe c’ici, hamwe n’umuyaga wo mw’ibahari ishobora gutuma haba imiriro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG