Uko wahagera

Mugabe Yahawe Ububasha bw'Ukugena Abacamanza Bakuru mu Gihugu


Perezida wa Zimbabwe, Robert Mugabe
Perezida wa Zimbabwe, Robert Mugabe

Inama nshingamateka mu gihugu ca Zimbabwe yemeje ku musi wa kabiri integuro y’itegeko rihinyanyura ibwirizwa shingiro mu mugambi w’uguha Perezida Robert Mugabe ububasha bw’ukugena atawe abanje kugisha inama abacamanza bakomakomeye mu gihugu.

Integuro y’iryo tegeko, rizoba rihinyanyuye ubwa mbere ibwirizwa shingiro kuva mu mwaka w’i 2013, rizorekurira Perezida Mugabe kugena ubwiwe atawe abanje kugisha inama umucamanza mukuru wa sentare kizigenza y’igihugu n’icegera ciwe.

Ibwirizwa shingiro ryategekanya ko Perezida agena umucamanza mukuru wa sentare kizigenza mu bakandida bashikirijwe n’inzego z’ubutungane.

Abatavuga rumwe na Reta n’abaserukira amashirahamwe adaharanira inyungu za politike bavuga ko bafise impungenge ko guhindura ibwirizwa shingiro bishobora kugeramira inzego zijejwe ubutungane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG