Umukandida mu matora y’umukuru w’igihugu, muri Angola, Joao Lourenco, bisa n’uko azotsinda mu matora azoba mu kwezi kuza muri Angola. Yatanguye igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza ejo ku musi wa kabiri. Mw’ijambo ryiwe yiyemeje ku vyerekeye kurwanya ruswa n’ugukwiragiza ubutunzi mu banyagihugu.
Joao Lourenco, ajejwe amabanga y’umushikirangaji ajejwe kwivuna abansi, afise imyaka mirongo itandatu n’itatu muri iki gihe, yatowe na Perezida, Jose Eduardo dos Santos kugira amusubirire. Ingingo ya dos Santos y’ukudasubira kwitoza mu matora yo kw’italiki 23 z’ukwezi kw’umunani izoba irangije imyaka 38 yari amaze ku butegetsi muri Angola.
Joao Lourenco yatowe mu nama y’umugambwe uri ku butegetsi muri Angola, MPLA kuwuserukira mu nama yawo mu mwaka uheze. Umugambwe MPLA uri ku butegetsi muri Angola kuva mu mwaka w’i 1975.
Facebook Forum