Uko wahagera

Ubwato bwa Amerika bw'Ingwano Bwarashe ku bwa Irani


Ubwato bw’ingwano bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwariko bugenzura amazi yo mu kigobe c’Abarabu bwarashe insoro z’ukugabisha ubwato bw’ingwano bwa Irani.

Ivyo inyuma yuko ubwo bwato bwegeye cane ubwa Amerika The USS Thunderbird. Ivyo vyemejwe n’umutegetsi wo mu bushikiranganjai bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika uno musi ku wa kabiri.

Izo nsoro zakoreshejwe nk’uburyo bwa nyuma inyuma yuko ubwato bw’igihugu ca Irani bwanse kwishura ku kamo katewe kuri radiyo, n’ibindi bimenyetso bikoresha vy’ubwato bwa Amerika.

Umutegetsi wo mu bushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, avuga kw’agasomborotso ka Irani ata kindi gakora atar’ugutuma ibintu bishobora kuvamwo isanganya, mu bishobora gutuma haba inkurikizi zikomeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG